BURUNDI BW’EJO

BURUNDI BW’EJO

Burundi bw’ejo, Ba Sokuru barayamaze bati: » iyija kurisha ihera ku nama »
Abandi nabo ngo: » Ubuza gusha buratagata »
Mu buzima bwa minsi yose, mu migambi y’iterambere rirama, urwaruka rwama arirwo nkingi nyakuri yogufatirako.
Umugambi uteguwe utaruhereyeko kenshi nturama.
Ndetse niyo uramye usanga atamwimbu mwiza uvamwo.
Nico gituma umuvyeyi wese ashaka kazoza Keza k’igihugu n’umuryango, atwara kw’isomero abo yibarutse ngo bikenure nawe baze bamukenure atakibasha.

Burya utwaye umwana kw’ishure uba wiziganirije kazoza keza k’igihugu n’isi nzima igashikirwa, ndetse nawe uba umuvyaye ubwa kabiri.

Ishure ni nk’ibuye ry’isare rikarisha inkota y’urugamba.
Ubujuju n’ukutamenya nivyo ishuri ryica rikaduhindura abantu buntu bazima atari banjana n’uruje nkuko twagiye turabibona.

Bataja kumohe canke ngo bajane nyabahururu.
Burundi bw’ejo si umugani canke akajajuro,ahubwo n’ivyizigiro vyahazoza bivuye kubikorwa vy’uno munsi.

Kumwe abarundi bayamaze ngo: »Uwutazi akaraye araza ifu »
Kubw’ivyo, mu kubumbatira amahoro, umutekano n’ubutungane kuri bose, abashingwa ntwaro hamwe n’abavyeyi ndetse n’aba bose bafise umuhamagaro wo gushika kw’iterambere rirama kuri bose birakwiye ko tubishira mu rwaruka rwo rugifise inguvu n’ishaka ryo kubishikako.
Intsinzi yama muminwe y’urwaruka.

Urwaruka rw’ubu nico c’irori nirabamwo nkamenya uko ejo hazoba hameze.

Ntitwiyibagize kandi ko igiti kigororwa kikiri gito kandi ko imbuto itewe ariyo imera.

N’ubiba uyu munsi amahoro mu rwaruka, ejo uzokwimbura umutekano.

Burundi bw’ejo
N’ububibamwo urukundo uzokwimbura imihezagiro.
N’uteragira urwanko uzokwimbura inryane zitandukanye.
Reka ivyatubabaje n’ivyatugoye mu buto bwacu twigishe abana bacu kubitsinda gutyo tuzoba turiko turategura kazoza keza kuri twese.
Bwa Burundi bw’ejo bugire inzira.

Writer: Aubin Christophe Arakaza, ISHAKA 2250

Ishaka2250 Newsletter

Signup to receive updates